INDEGE

Solar Ship ni indege ikura igice c’inguvu zo kuguruka ku mwuka uremurutswe uri mu bihimba biyubatse. Ubushakashatsi bukomeye mu vyo guhingura ibigendajuru, ubuhinga bw’ukujisha, ubuhinga bugezweko mu gutumanako amakuru, amabatiri aremurutse n’ingarama z’akatabonetse zikwega imishwarara y’izuba zikayigira umuyagankuba; ibi vyose bikoranye, bidufasha gushira mu ngiro indoto zacu z’ukwubaka indege za Solar Ship. 

Mugukoresha ubwo bushobozi bwo guhingura ibigendajuru buvukanisha indege zisanzwe n’inguvu zo kuguruka ziva ku mwuka uhwahwutse, Solar Ship ishobora gutwara ibintu bingana n’igikamyo, n’umwidegemvyo mwinshi kuruta izindi ndege, utibagiye ko atawundi duhiganwa mu kubikora neza. Uburyo iyi ndege ihinguwe, ukwo iba nini nikwo ishobora gutwara ibintu vyinshi gusumba. 

Solar Ship iriko yubaka ubwoko bw’indege butatu butandukanye – Caracal, Chui na Nanuq- ziteye igomwe ku gukoreshwa mu buryo butandukanye bivanye n’ihangiro ry’abazikeneye.

Caracal

Indege yacu ntoya twayihaye izina rya Caracal kubera ubunyarutsi bwayo, nka kurya kw’utuyabu two mw’ishamba dukwiye muri Africa. Twoyigereranya na za Nsimbarubebe 4×4, usanga arizo zonyene twikorako kugira dushike mumihingo amabarabara akenye. 

Caracal ni icuma giteguye neza, Solar Ship yahisemwo kugira ifashe yorohereze ingendo za misi yose, ugucungera n’uguperereza (ISR) mu birere bitandukanye. Yubatswe kuburyo ishobora kuguruka canke igashika hasi ikoresheje ikibanza kingana n’ikibuga c’umupira w’amaguru; kumara igihe kinini mu kirere; kudakenera ibitoro hamwe n’ubundi buhinga bworohereza abayikoresha haba mu vyerekeye urudandazwa canke ingendo zindi za misi yose.

Chui

Chui ni ijambo ry’igiswahili risiguru intambwe, igikoko gisonewe cane kubera ubunyarutsi, inguvu hamwe n’ukurinda. Chui kuri twebwe ni nk’ikamyo umuntu akoresha imisi yose mu kwunguruza ibintu. Icuma umuntu yikorako mu gihe cose mu buryo butandukanye.

Chui ni indege ya Solar Ship igeraranye, yubatswe kugira itware imizigo hamwe n’ugucungera imbibe canke gusuma amakuru. Irangwa n’ubushobozi busumbirije mu kwitaza ngo iguruke hamwe no kwitangura ngo ishike hasi; rurangiranwa mu kuziganya ibitoro uyigereranije n’izindi ndege binganya ubushobozi, ugukenera ibikoresho n’ivyankenererwa biharuye, kumara igihe kinini mu kirere, kandi igashobora kugaburirwa n’imishwara y’izuba gusa canke ikabivukanisha n’ayandi masoko ntanganguvu.

Nanuq

Ico gikoko Nanuq kiba kw’isonga ry’isi, kirazwi ko ciganza mu bindi bikoko vyose, nkuko izina ryaco mu rurimi rwa Inuktitut ribisigura : igikoko gikwiye gusonerwa cane. Nanuq twoyigereranya ku bwacu na vya biduga bikwegana, ibimodoka vyashimwe mu gutwara imizigo iremereye kw’isi yose.

Nanuq, indege ya Solar Ship yagutse cane, yagenewe gutwara imizigo iremeye mu mpande zose z’isi. Ibiyiranga ni ubuhinga bwayo bwo kwitaza mu kuguruka, hamwe no mu kwarara igaruka hasi, rurangiranwa mu kuziganya ibitoro uyigeraranije n’izindi binganya ubushobozi, kumara igihe kinini mu kirere iriko iraguruka, kandi igashobora kugaburirwa n’izuba gusa canke ikabivukanisha n’ayandi masoko ntanganguvu. 

Abadushigikiye

Zenair_logo_web

SolidWorks_logo_web

Cad_Microsolutions_web

rotec_logo_web