ABARONGOYE SOLAR SHIP

Jay Godsall, Umuyobozi Mukuru

Jay Godsall ari mubashinze Solar Ship akongera akaba Umuyobozi Mukuru. Yararongoye intambwe zose harimwo n’uguhinyanyura ingene Solar Ship yoshinga imizi kuva mu 2006. Jay yari mu bashinze Fio Corporation, ishirahamwe ryiyemeje guteza imbere ubuhinga bwo gusuzuma ingwara nyinshi bishimikije uduhimba tw’ibinyabuzima. Yararitanguje, aregeranya abakozi bambere bongera barasarura umutahe wo gutanguza ushika $25M. Jay yanonosoye ubuhinga bw’ugutanguza amashirahamwe mashasha hamwe n’uguteza imbere ukwiyungunganya. Ubukerebutsi bwiwe mu kugabanya ibiciro, umwanya bitwara mu gushinga amashirahamwe, cane cane mu bijanye n’ubuhinga bushasha, barabimukenguruka haba muri Canada canke mu Makungu.

John Hutchinson, Umuyobozi w’ubuhinga

John amaze imyaka irenga 30 ari muvyerekeye kwubaka no kubungabunga indege zikorera mu mihingo iri kure y’imigwa mikuru hamwe n’ibijanye n’umuyagankuba. John arafise uruhusha rwo gutwara indege z’ubwoko butandukanye. Abamuzi bavuga ko ari indanga mu vyerekeye gukwiza umuyagankuba n’ugukwiza hose ubuhinga n’ibikoresho bijanye n’iterambere rirama. Mu kazi kiwe ko kuba umuyobozi wa Freeplay Energy, John yaraba ibintu vyose kuva mu gucapura, guhingura no gukwiza hose ivyuma n’ibidandazwa. John yanonosoye amashule y’ubufundi, ugutunganya intwaro hamwe n’ibijanye n’amategeko muri kaminuza ya Capetown muri Africa y’epfo.

Michel Rugema, Umuyobozi w’ibikorwa

Rugema afise imyaka irenga 20 mu mabanga yo kuyobora ibikorwa mu mashirahamwe atandukanye. Yararanguye ayo mabanga muri USAID muri Africa na Haiti, aratunganya birashimwa ishiramwe ry’ugufungurira abantu riharurwa mu yakomeye n’inyenyeri zitanu i New York. Ivyo vyose, vyiyongera ko ari we yatanguje, akongera akayobora ishirahamwe Archipel mu Burundi, ryishinze gufungurira abantu no kubarondera aho barara. Afise urupapuro rw’umutsindo Masters mu vyerekeye gutunganya intwaro, yaronkeye muri Universite ya Cornell, aho yahoze ajeje gutunganya ibikorwa vy’ihoteli y’iyo Universite. Arafise kandi urupapuro rw’umutsindo rwa BSc mu buhinga yaronkeye muri Universiye ya Montreal.

Dr. Sébastien Fournier, PhD, Umuyobozi w’ibihingurwa

Dr. Sébastien ajejwe ubushakashatsi n’ugutunganya imigabo yotuma ibiciro bigabanuka co kimwe n’impanuka zose zozitira ukudandaza ivyahinguwe na Solar Ship. Imbere yo gukorera Solar Ship, yari ajejwe ubuhinga muri FIO, aho yashoboye kwubaka akongera akaronkera urupapuro rw’uko batoye mw’isi ubuhinga bwo gusuzuma ingwara zandukira bakoresheje ibinyabuzima. Ubumenyi bwiwe buri mu mice myinshi, kuva mu bikoresho vy’ugushakasha gushika mu binyabuzima, akaba yabiranguye mu mashirahamwe mpuzamakungu. Yaronse urupapuro rw’umutsindo ruminuje PhD mu vyerekeye Chimie kuri Kaminuza ya Toronto.